Pageviews all the time

CNDD-FDD iriyama prezida Paul Kagame na Buyoya/BBC Gahuza



burundi buyya
Image captionUmugambwe CNDD-FDD wagiriza Petero Buyoya ko ariko aragira amayeri yo kugaruka ku butegtsi

Mu Burundi, umugambwe uri ku butegetsi wa CNDD-FDD, uragiriza prezida w’urwanda Paul Kagame kuba inyuma y’ibibi vyose bimaze iminsi biba mu Burundi ariko na cane cane kugerageza gufasha Pierre Buyoya kugaruka ku butegetsi bw’ico gihugu.
Mw’itangazo ryasomwe kuri radio y’igihugu , uwo mugambwe uvuga ko ivyo yabigerageje mu nzira nyinshi, harimwo no kuzana inteko zo hanze no gucanishamwo amoko.
Si ubwa mbere umugambwe CNDD FDD ishira mu majwi abo bantu babiri n’abandi banyamahanga, harimwo uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ububiligi na n’uwuserukira igihugu ca Amerika muri Onu, Samantha Power.
Iryo tangazo ku bisanzwe ryari iryo gushimira abakuru b’ibihugu ba Africa kubona baranse irungikwa ry’inteko mvamakungu mu Burundi mu nama y’abo iheruka kubera I Addis Abeba.


burundi kagame
Image captionPrezida Paul kagame yagirizwa na CNDD-FDD ko afise uruhara ku mabi yose ariko arakorerwa mu Burundi

Hamwe n’uwahoze atwara Uburundi Pierre Buyoya , CNDD-FDD yagiriza presida Paul Kagame ko aribo bariko bararondera izo nteko zo hanze Maprobu kugira zishigikire Buyoya kugaruka ku butegetsi ngo nk’uko iza ONU, mu Rwanda, Minuar ngo zafashije Paul Kagame gufata ubutegetsi mu mu 94.

No comments:

Post a Comment

Muvandimwe, nshuti ya SHIKAMA, turagushimira cyane umuganda utanga wo kubaka URWANDA rushya ubinyujije mu bitekerezo byawe( Komanteri). Kugirango turwanye urukungu rw'Agatsiko ni ngombwa ko buri komanteri ibanza gusuzumwa. Yohereze, irahita ijya ku rubuga mu minota mike niba idatandukira( kuvuga ibitajyanye n'inyandiko), itukana, cyangwa yuzuyemo uburere buke.

Wipfusha komanteri yawe ubusa ukoresha "ANONYMOUS", himba izina urikomeze kuko hari ibihembo mu Kuboza 2016 ku bantu 3 bazaba babaye indashyikirwa mu gutanga ibitekerezo. Dukomeje kubashimira ubwitange n'umurava muhorana. IMANA Y'I RWANDA ihorane namwe iminsi yose.

Dg NKUSI Yozefu
www.shikamaye.blogspot.com
Uharanire ko Ukuri gusimbura ikinyoma.
Email: mahoriwacu@gmail.com; tel: +4745564355