Pageviews all the time

ITANGAZO NO 003/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 17 RUHUHUMA 2016

                                  cndd-fdd1
Ababandanya bihambirira ku vyiyumviro vy’ihonyabwoko n’ibinogo bihambwemwo abantu benshi ni abo nyene batemera ibiganiro hagati y’Abarundi na wa Mugwi ujejwe Ukuri no Kunywanisha Abarundi (CVR)
1. Mu mwaka w’1959, bamaze kunanirwa gutembagaza ubutegetsi bwariho mu Rwanda, hari abanyarwanda bamwe baciye bisukira mu Burundi gusaba ubuhungiro. Uguhunga nta kibi kirimwo kuko ivyo bishikira abantu bose bo mw’Isi. Bashitse i Burundi barakiranywe urweze, ariko rero ingorane ni uko bahejeje guhabwa ubuhungiro n’ivya nkenerwa mu buzima, izo mpunzi zaciye zitangura gukoresha amarementanya n’ububeshi ngo ubwoko bw’inkehwa bwo mu Burundi bushobora gushikirwa n’ihonyabwoko nk’abavukanyi babo bo mu Rwanda. Buhoro buhoro, abategetsi bo mu Burundi b’ico gihe be no mu myaka yakurikiye baciye bategura ingene bazokora ihonyabwoko kugira ngo bitange ubundi bwoko nk’uko babihanuwe n’impunzi z’Abanyarwanda. Ayo marementanya y’ububeshi bw’abo bashitsi yashikanye kw’igandagurwa ry’Umuganwa Rudoviko Rwagasore mu 1961, ku bwicanyi bwahitanye Umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe n’ubundi bwicanyi bwahitanye abantu benshi mu 1965 be n’ihonyabwoko ryo mu 1972-73. Ubundi bwicanyi bwinshi buzwi mu Burundi inyuma y’imyaka ya mirongo indwi gushika ubu, bwagumye bufise isano n’amarementanya mabi y’abakuru b’impunzi z’Abanyarwanda ;

2. Abiyizi muri ubwo bwicanyi n’ihonyabwoko mu Burundi, baba Abarundi canke Abanyamahanga (bafatiwe hamwe) basanga bategerezwa gufatana mu mugongo kugira ngo binyegeze ibihe vyose kugira bahunge ubutungane. Ni co kintu twama twita akagwi k’abanyepolitike b’inkorabara bama bashaka gusenyura inzego z’igihugu zitorewe n’Abenegihugu biciye muri demokarasi, ugusesa amaraso no kugandagura abantu kugira bahume amaso Abarundi n’Amakungu, gurtyo ngo abakoze ubwo bwicanyi, ihonyabwoko n’amabi yose akorwa mu gihugu ntibamenyekane. Ni nabo nyene badahengeshanya kuguma barementanya ibi na biriya, bategura ingene bo kwikurako ivyaha vy’ihonyabwoko bakoze bibaremereye mu mitima yabo, bakiyumvira na ntaryo ingene bobisuka ku mugambwe CNDD-FDD na Reta yawo. Umugambwe CNDD-FDD uributsa ubwicanyi bwinshi n’ihonyobwoko vyakozwe na Michel Micombero (ihonyabwoko ry’Abantu, Génocide physique), Jean Baptiste Bagaza (Ihonyabwoko ry’ivy’Ubwenge, Génocide intellectuel), Petero Buyoya (Ihonyabwoko rya demokarasi, Génocide démocratique) ; muri ivyo bihe vyose vy’amagorwa mu vya poritike y’Uburundi, Abanyarwanda bamwe bamwe mu bahawe ubuhungiro mu gihugu bari inyuma yavyo, mu gushira mu ngiro iyo migambi ya shetani ku mugaragaro canke binyegeje. Abo bantu rero ntibashaka kwumva vyaba ibiganiro bihuza Abarundi canke wa Mugwi ujejwe ukuri no Kunywanisha Abarundi CVR kuko bazi ko bitebe bitebuke bazomenyekana ;
3. Ntibitangaje rero kwumva Paul Kagame, umuhinga w’ivyiyumviro n’imigambi y’ihonyabwoko muri aka Karere nk’uko yabikoze iwe, adahengeshanya kugomba kubigarukana mu mateka y’Uburundi abicishije mu kwigisha no guha ibirwanisho impunzi z’Abarundi kugira ngo baje gusomborotsa no guteza ihonyabwoko mu gihugu cabo c’amavukiro. Ikibabaje ni uko uwo Kagame yibagira ko Abarundi bayamaze bati « aho yabukaranga twari musi y’urujo, canke ngo iyo bumenya umwe bwari ikindi » yibaza ko mu gutanguza imigwi y ‘abicanyi bakoresha iterabwoba mu ntara za Kayanza na Cibitoke mu ntumbero yo guhonya Abenegihugu nk’uko yabigize mu mwaka w’1994, igihe yagomorera FPR-Inkotanyi ku banyagihugu bo muri perefegitura ya Byumba muri ico gihe yabamwo abantu barenga 750.000, intambara ikarangira muri iyo ntara ya Byumba hasigaye abantu batarenga 100.000 nabo nyene bahunze. K’ubw’Ikigongwe c’Imana, ivyo yashaka ntivyabaye i Burundi, n’aho Petero Buyoya na Louis Michel baza imbere mu bipfuza ko iryo honyabwoko riba ;
4. Ihonyabwoko ry’abenegihugu bo muri Perefegitura ya Byumba ntiryahagije kuko Kagame yagize incungu abavukanyi biwe mu gusotora inzego zari zirongoye igihugu c’Urwanda, abicishije mu bwicanyi bwinshi yakoze yiteze ko uruhande yasomborokeje rwivuna, ivyo navyo bikaba vyarashobotse mu Rwanda kuko Abenegihugu bacanyemwo, ariko mu Burundi bikaba vyarananiranye kuko urupfu rwa Prezida Ntaryamira Cyprien ntirwatumye Abarundi bamarana. Ikibabaje cane ni uko ivyo vyabaye igihe Umukuru w’Igihugu c’Uburundi yari avuye mu nama yabereye i Dar-es- Salaam muri Tanzaniya ku bijanye n’ibiganiro vy’Abanyarwanda vyabera i Arusha. Ivyo rero birerekana neza ko Paul Kagame, Petero Buyoya n’abo bafatanije umugambi ntibakeneye ibiganiro haba mu Rwanda canke mu Burundi. Ivyo bashaka ni ubutegetsi bw’igitugu, bwa gisirikare kandi bushingiye ku moko ;
5. Mu gihe Abenegihugu b’Abarundi bashingira ku vyiza vy’Ibiganiro Mpuzabarundi bitavangura mu ntumbero y’uko umwenegihugu wese yobijamwo akongera agaterera ivyiyumviro mu bwigenge no ku mugaragaro kugira ngo ukuri kumenyekane hongere hatorwe inyishu, ibihweba vy’ Abarundi biyoboka Kagame biguma birondera ko ibiganiro bibera hanze y’Uburundi kugira ngo bahishe ukuri kuriko kuraronderwa kuri kahise k’Uburundi, kugira noneho habeho ukugabangana ibibanza mu nzego za Reta biciye muri Reta y’imfatakibanza y’amagaburanyama. Abo bikika mu kiza bavuga ngo bashaka kurwanira Ibwirizwa nshingiro n’Amasezerano y’i Arusha ni Abahahamiye gukamisha izo nyandiko kuko bashaka ayandi masezerano asa n’ariya y’i Arusha. Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo ni wo wonyene uhagarariye gukingira amasezerano ya Arusha ;
6. Inyuma yo gutsindwa ku rubuga rwa poritike no mu bimenyeshamakuru ku ciyumviro co kuzana inteko mvamakungu MAPROBU, inyuma yo kubona ko Abarundi banse ivyiyumviro vy’ihonyabwoko basutswemwo n’abansi b’Igihugu, basanze bari mu mayira abiri ku buryo badashobora kwemera ibiganiro hagati y’Abarundi kuko ivyo bakoze vyohava bibatekurukana muri kwa kurondera ukuri, abansi b’amahoro n’umutekano w’Igihugu, bafashijwe n’urwaruka rwabo rwigishijwe iterabwoba mu nyigisho baronkeye mu Rwanda, bararwije amarementanya gushika aho bahenda Amakungu ngo hari « ibinogo bihambwemwo abantu benshi » bishasha mu Burundi, ko rero Ishirahamwe Mpuzamakungu ryorungika mu Burundi umugwi wo gukora amatohoza. Ivyo vyose bifise intumbero yo gusambura Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo kugira bishoboke ko hashingwa Reta y’imfatakibanza;
7. Nk’uko Umugambwe CNDD-FDD waheruka kubishikiriza mw’itangazo ryawo No 002 ryo ku wa 02 Ruhuhuma 2016, Uburundi ni Igihugu cikukiye kandi gifise Ubwigenge. Abenegihugu b’Abarundi barashimiye kandi Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU kuko, mu Ngingo yaryo No 2248 yo ku wa 12 Munyonyo 2015 ryategetse ko Uburundi bwubahirizwa mu Kwikukira, Ubwigenge,Imbibe n’Ubumwe bw’Abarundi.Umugambwe CNDD-FDD urasavye iryo Shirahamwe Mpuzamakungu ONU kwemera ko Umugwi ujejwe ukurondera Ukuri no kunywanisha Abarundi ariwo urekuriwe igikorwa co kurondera ibinogo bihambwemwo abantu benshi bikwiragiye mu mihingo y’Igihugu kuva Uburundi bwikukira gushika n’ubu.Rero ,ugushaka kurungika umugwi nk’uwo wogukora amatohoza mu gihugu bidaciye muri CVR biranyegeje,imbere y’amaso y’Abarundi umugambi wo guishira mu ngiro amarementanya yagiye arategurwa kanatsinda ntihigeze haba imigwi y’amatohoza ku bijanye n’ibinogo bihambwemwo abantu benshi kuva Uburundi bwikukira. Eka n’uruhafu ruhambwemwo Umwami Ntare V, Karori Ndizeye ntiruramenyekana aho ruri, kandi Abenegihugu badahema kurondera aho ruri, ariko iryo Shirahamwe Mpuzamakungu ONU rikaba ataco ryigeze rikora kugira urwo ruhafu ruboneke, n’abo ba Buyoya, ba Bagaza na bagenzi babo bakaba banka kuvuga aho bamuhamvye. Mu gihe Umukoroni Louis Michel na bagenzi bama bavuga ko bazi neza kahise k’Uburundi, mbere n’Ububirigi bukaba aribwo bwica bugakiza mu gihe c’igikoroni mu Burundi kubera iki banka kwerekana ahashinguwe Umupfasoni wa Rudoviko Rwagasore, Incungu yo kwikukira kw’Uburundi ;
8. Nk’uko twari twabivuze mu ntango y’iri tangazo, abafise ivyo biyagiriza canke biyizi mu bwicanyi bwakozwe mu Burundi basya batazambaye ngo ukuri ntikumenyekane, ari naco gituma baguma bakora amarementanya yo kudurumbanya Igihugu, kugira ngo ntibahe akanya na gatoya Abenegihugu ko gushobora kurondera ukwo kuri biciye mu biganiro bitavangura. Kuba barakoze amarorerwa muri kahise k’Uburundi gushika n’aho Kagame atwicira Umukuru w’Igihugu cacu NTARYAMIRA Cyprien, ntibashire agati mu ryinyo kuko abakoze iryo bara bategerezwa kubibazwa ! Ukuri kurashobora kuburabuzwa ku munsi canke ukwezi, ariko kurateba kukaja ahabona. Si ugushaka kuburabuza canke kunigira mu menshi ibiganiro bihuza Abarundi, si ugushaka gutembagaza intwaro biciye mu biganiro vy’amagaburanyama vyozana Reta mfatakibanza bizotuma ukuri ku vyabaye kutamenyekana. Iyo nzira ntishika. Bamenye ko ikintu cose kifise intango n’iherezo ;
9. Umugambwe CNDD-FDD urangije iri tangazo usaba Abenegihugu kuguma batekanye kandi bafatanye mu nda, bongere baje mu biganiro mpuzabarundi kanatsinda ukuri kuzana urukiza. Umugambwe CNDD-FDD urasavye Amakungu kubandanya ashigikira ivyo biganiro bihuza Abarundi, yongere afashe mu kuronsa uburyo wa murwi CNDI kugirango ushobore no kuja kwumviriza Abarundi bari hanze, gurtyo icegeranyo uzosohora kizobe kirimwo ivyiyumviro vy’Abarundi bose.
Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 17 Ruhuhuma 2016
Umushingamateka Pascal Nyabenda.

No comments:

Post a Comment

Muvandimwe, nshuti ya SHIKAMA, turagushimira cyane umuganda utanga wo kubaka URWANDA rushya ubinyujije mu bitekerezo byawe( Komanteri). Kugirango turwanye urukungu rw'Agatsiko ni ngombwa ko buri komanteri ibanza gusuzumwa. Yohereze, irahita ijya ku rubuga mu minota mike niba idatandukira( kuvuga ibitajyanye n'inyandiko), itukana, cyangwa yuzuyemo uburere buke.

Wipfusha komanteri yawe ubusa ukoresha "ANONYMOUS", himba izina urikomeze kuko hari ibihembo mu Kuboza 2016 ku bantu 3 bazaba babaye indashyikirwa mu gutanga ibitekerezo. Dukomeje kubashimira ubwitange n'umurava muhorana. IMANA Y'I RWANDA ihorane namwe iminsi yose.

Dg NKUSI Yozefu
www.shikamaye.blogspot.com
Uharanire ko Ukuri gusimbura ikinyoma.
Email: mahoriwacu@gmail.com; tel: +4745564355